๐Ÿ‡ง๐Ÿ‡ฎ๐Ÿ‡ฐ๐Ÿ‡ช Reta y’Uburundi irahakana amakuru avuga ko Abarundi bishwe muri Kenya canke bafungiwe muri Tanzaniya

 


๐Ÿ‡ง๐Ÿ‡ฎ๐Ÿ‡ฐ๐Ÿ‡ช Reta y’Uburundi irahakana amakuru avuga ko Abarundi bishwe muri Kenya canke bafungiwe muri Tanzaniya


❌ « Nta Murundi n’umwe yigeze apfira muri Kenya, eka nta n’uwigeze afungirwa muri Tanzaniya. »


Ivyo vyashikirijwe na Nduwayo Carine, avugira Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire n’ayandi makungu, mu kiganiro c’abavugizi b’inzego za Reta kiriko kibera i Butanyerera, kuri uyu wa 29 Nyakanga 2026.


๐ŸŽ™️ Nduwayo yavuze ko kuva ku wa 6 gushika ku wa 28 Nyakanga 2026, Reta yari imaze gutanga impapuro za mureke arengane 5.523 ku Barundi bipfuza gutaha bava muri Kenya.


Yavuze kandi ko Abarundi benshi bahisemwo gutaha ku murindi wabo, batarindiriye amabisi Reta yari yemeye kurungika kubatahukana.


๐Ÿ‡ฐ๐Ÿ‡ช Ku bijanye n’amakuru y’aboba barahohotewe muri Kenya, harimwo n’ayavuga ko hari Abarundi bishwe, canke ko bamwe mu bari batahutse bafashwe bagafungwa muri Tanzaniya, Nduwayo Carine yavuze ko Ubushikiranganji ata muntu n’umwe bwamenye ko yapfuye canke yagize ibindi bibazo nk’ivyo.


๐Ÿ‡น๐Ÿ‡ฟ Yongeyeho ati: « Gushika uno munsi, nta Murundi n’umwe afungiwe muri Tanzaniya. »


๐Ÿ“ Ku mupaka wa Kobero, Reta ivuga ko hamaze guca:


- ๐Ÿ‘จ๐Ÿพ 6.309 abagabo

- ๐Ÿ‘ฉ๐Ÿพ 593 abakenyezi

- ๐Ÿ‘ถ๐Ÿพ 86 bana bari munsi y’imyaka 5


Bose bakaba bari mu Barundi batahutse bava muri Kenya.


Nduwayo yavuze kandi ko Abarundi banyuze muri Tanzaniya baronse kwakirwa neza, harimwo n’abarushe canke abagwaye, aho Reta ya Tanzaniya yabafashije ibaherekeza gushika bashitse mu Burundi.


๐Ÿ“Œ Iciyumviro gikuru: Reta y’Uburundi ivuga ko ata kimenyetso ifise c’uko hari Umurundi yiciwe muri Kenya canke afungiwe muri Tanzaniya muri iki gihe c’ugusubiza Abarundi mu gihugu.


#Uburundi ๐Ÿ‡ง๐Ÿ‡ฎ #Kenya ๐Ÿ‡ฐ๐Ÿ‡ช #Tanzaniya ๐Ÿ‡น๐Ÿ‡ฟ #Kobero #Abarundi #MBCtimes

Comments

Popular posts from this blog

#Burundi_Amagara y'abantu

๐Ÿ“ข Zimbabwe: Sena yemeje ihindurwa ry’itegeko nshinga ryongereza manda ya Perezida

๐Ÿ‡บ๐Ÿ‡ธ⚔️ Trump ashaka ko inganda zikora imodoka zitangira no gukora ibisasu bya missile