#Burundi_Amagara y'abantu
#Burundi_Amagara y'abantu
Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu n’ubuserukizi bwa Reta zunze Ubumwe za Amerika biyemeje kubandanya bakorana
Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi, Angeline Ndayishimiye, yakiriye kuri uwu wa 24 Ruheshi 2026, Bridget Prémont, aserukira vy’imfatakibanza Reta zunze Ubumwe za Amerika mu #Burundi.
Nk'uko vyashikirijwe na Philémon Nkurunziza, umuhanuzi ajejwe kumenyesha amakuru no gukorana n’ibimenyeshamakuru mu biro vy’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu bijejwe iterambere (#OPDD_Burundi), baganiriye ku bijanye no guteza imbere amagara y’abanntu hamwe n’ingene bokomeza gukorana muri uwo mugambi.
Muri uwo mubonano, Bridget Prémont yashimye ibikorwa vyinshi umutambukanyi w’umukuru w’igihugu amaze kurangura kuva mu mwaka wa 2019, cane cane mu gisata c’amagara y’abantu. Mu vyashimwe harimwo ikigo ca mbere mu Burundi kivura ubugumba kiri mu #Kibimba, aho hamaze kuvuka abana 23 biciye ku bikorwa vy’ico kigo.
Yashimye kandi ibikorwa vyo gukangurira abenegihugu kwikingira indwara zandukira no mu gutanga inyigisho mu mashure zijanye no gukinga ibiza nka #Ebola, #Korera n’izindi ndwara zishobora kwandukira abantu benshi.
Bridget Prémont yamenyesheje ko izo nyigisho zifise akamaro kanini, na rirya bimwe muri ivyo biza bimaze kwibonekeza mu bihugu bimwe bimwe vyo mu karere. Yashimye rero intambwe Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu amaze gutera mu gukingira amagara y'abenegihugu no guteza imbere ubuzima bwiza.
Philémon Nkurunziza yamenyesheje ko bemeranije kubandanya gukorana mu migambi yo guteza imbere amagara meza ku neza y'abenegihugu b’Uburundi.

Comments
Post a Comment