๐ง๐ฎ๐ฐ๐ช Reta y’Uburundi irahakana amakuru avuga ko Abarundi bishwe muri Kenya canke bafungiwe muri Tanzaniya
๐ง๐ฎ๐ฐ๐ช Reta y’Uburundi irahakana amakuru avuga ko Abarundi bishwe muri Kenya canke bafungiwe muri Tanzaniya ❌ « Nta Murundi n’umwe yigeze apfira muri Kenya, eka nta n’uwigeze afungirwa muri Tanzaniya. » Ivyo vyashikirijwe na Nduwayo Carine, avugira Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire n’ayandi makungu, mu kiganiro c’abavugizi b’inzego za Reta kiriko kibera i Butanyerera, kuri uyu wa 29 Nyakanga 2026. ๐️ Nduwayo yavuze ko kuva ku wa 6 gushika ku wa 28 Nyakanga 2026, Reta yari imaze gutanga impapuro za mureke arengane 5.523 ku Barundi bipfuza gutaha bava muri Kenya. Yavuze kandi ko Abarundi benshi bahisemwo gutaha ku murindi wabo, batarindiriye amabisi Reta yari yemeye kurungika kubatahukana. ๐ฐ๐ช Ku bijanye n’amakuru y’aboba barahohotewe muri Kenya, harimwo n’ayavuga ko hari Abarundi bishwe, canke ko bamwe mu bari batahutse bafashwe bagafungwa muri Tanzaniya, Nduwayo Carine yavuze ko Ubushikiranganji ata muntu n’umwe bwamenye ko yapfuye canke yagize ibindi bibazo nk’ivyo. ๐น...