๐จ BURUNDI: Abadandaza basabwa kubanza kwegeranya ibinyobwa birimwo umwambiro urenze
๐จ BURUNDI: Abadandaza basabwa kubanza kwegeranya ibinyobwa birimwo umwambiro urenze
Abadandaza basanzwe bafise ibinyobwa birimwo umwambiro urenze urugero basabwa kubanza kubyeegeranya, mu gihe izindi ngingo zijanye n’ivyo bidandazwa zitaratangazwa.
๐ฃ️ Onesime Niyukuri, umuvugizi w’Ubushikiranganji bujejwe Ubudandaji, avuga ko umudandaza wese azi aho yakuye ivyo binyobwa, kuko yabiguze mu vyo akoresha mu rudandazwa rwiwe.
Ariko rero, ntaratomora ko abafise ivyo binyobwa bose bazoca babisubiza aho babikuye. Yamenyesheje ko hari izindi ngingo zizokurikira, kandi ko harashinzwe umurwi ugizwe n’inzego zitandukanye kugira wige ku nkurikizi z’ingingo yo guhagarika guhingura no kudandaza ibinyobwa vyongerwamwo umwambiro, cane cane ku bahora babihingura no ku babidandaza.
Ibi vyavuzwe mu kwishura ikibazo kijanye n’abadandaza bavuga ko baranguriye ibidandazwa mu mashirahamwe yemewe, ariko bakaba batabonye umwanya uhagije wo kubikura kw’isoko imbere y’uko iyo ngingo ishirwa mu ngiro.
Uwo muvugizi yasiguye ko ingingo yafashwe mu ntumbero yo gukingira amagara y’abanyagihugu, mu gihe inzego zibandanya kwiga ingene izoshirwa mu ngiro no ku nkurikizi zayo ku badandaza n’abahingura.
๐ Ibi vyashikirijwe mu kiganiro c’abavugizi b’inzego zitandukanye cabereye i Ngozi, mu ntara ya Butanyerera, kuri uyu wa 29 Nyakanga 2026.
๐ธ RTNB
#Burundi #Ubudandaji #Ibinyobwa #Amagara #MBCtimes

Comments
Post a Comment