๐บ๐ง๐ฎ Umushikiranganji wo Kumenyesha Amakuru n'Ibinyamakuru, Evelyne Butoyi, yashimye ibikorwa vya RTNB
๐บ๐ง๐ฎ Umushikiranganji wo Kumenyesha Amakuru n'Ibinyamakuru, Evelyne Butoyi, yashimye ibikorwa vya RTNB
Kuri uyu wa 20 Mukakaro 2026, Umushikiranganji wo Kumenyesha Amakuru n'Ibinyamakuru, Evelyne Butoyi, yatanguje urugendo rw'akazi rwo kugendera ibigo vy'itangazamakuru, atangurira kuri RTNB.
Mu rugendo rwiwe, yaraganiriye n'abakozi b'ibisata bitandukanye, bamwereka inkuru zari zitegekanijwe gutangazwa uwo munsi, ziganjemo izijanye n'ubuzima n'iterambere ry'abenegihugu.
Umushikiranganji Butoyi yashimye cane akazi gakorwa n'abakozi ba RTNB, avuga ko amakuru bashikiriza afasha indongozi gufata ingingo zibereye kandi akigisha abenegihugu, bikaba bifasha gushitsa Imbonakazoza y'Uburundi 2040-2060.
Yamenyesheje kandi ko uru rugendo azarubandanya no mu bindi binyamakuru vya Reta hamwe n'ivyigenga.
Ku ruhande rwiwe, Umuyobozi Mukuru wa RTNB yashimiye Reta y'Uburundi ku buryo idahengeshanya gushigikira RTNB, avuga ko ari ikimenyetso c'ukwitwararika guteza imbere igisata c'itangazamakuru mu gihugu.
#Burundi ๐ง๐ฎ #RTNB #EvelyneButoyi #Amakuru #Itangazamakuru #Imbonakazoza20402060

Comments
Post a Comment