๐ค️ Musenyeri Salvator Nicitegetse asaba ko amabarabara yokorwa agahera
๐ค️ Musenyeri Salvator Nicitegetse asaba ko amabarabara yokorwa agahera
Mu birori vyo guhimbaza imyaka 75 Paruwasi Mugabekazi Yurijwe mw'Ijuru ya Rumonge imaze ishinzwe, vyabaye ku wa 18 Mukakaro 2026, Musenyeri wa Diyoseze Katorika ya Bururi, Salvator Nicitegetse, yasavye abarongozi b'igihugu kwihutira gukoresha amabarabara ahambaye kugira igihugu gitere imbere.
๐ฃ️ Yafatiye ku mabarabara Rumonge–Bujumbura (RN3), Rumonge–Nyanza-Lac (RN3) hamwe na Bururi–Makamba (RN17), avuga ko uko adakozwe abangamira iterambere ry'abenegihugu. Mu majambo akomeye yavuze ati:
«"Turarira tuboroga dusaba ko amabarabara yokorwa, agahera."»
๐Yibukije ko ibikorwa vyo gusubiramwo ibarabara RN3 hagati ya Bujumbura na Rumonge, hamwe n'igice ca Rumonge-Nyanza-Lac, bimaze hafi imyaka 3 bihagaze.
Mu rugendo Umushikiranganji wa Mbere Nestor Ntahontuye yagize mu ntara ya Burunga muri Ntwarante 2026, yari yamenyesheje ko ivyo bikorwa vyosubira gutangura bitarenze Rusama 2026. Ariko gushika ubu, ibikorwa bikigarukira ahanini ku kuzibira ibinogo mu bice bimwebimwe.
๐ง Twibutse kandi ko umugambi wo gusubiramwo igice ca Rumonge–Gitaza c'ibirometero 45 watangujwe muri Munyonyo 2021, ukaba wari ufise ingengo y'imari ingana na miliyari 66 z'amafaranga y'Amadorari y'Abanyamerika.
#Burundi #Rumonge #Bururi #InyubakwaRusangi #Amabarabara #Iterambere

Comments
Post a Comment