๐งน๐ณ Goma: AFC/M23 yatanguje umuganda wa buri wa Gatandatu mu ntumbero yo kugira umujyi usukuye kandi utoshye
๐งน๐ณ Goma: AFC/M23 yatanguje umuganda wa buri wa Gatandatu mu ntumbero yo kugira umujyi usukuye kandi utoshye
Umutwe wa AFC/M23 watanguje gahunda y'umuganda wa buri wa Gatandatu mu gisagara ca Goma, ugamije guteza imbere isuku no kubungabunga ibidukikije. Abayobozi b'uyu mutwe, barongowe na Corneille Nangaa, bifatanyije n'abanyagihugu mu bikorwa vy'isuku no gutanguza umugambi wo gutera ibiti.
AFC/M23 ivuga ko ifise intumbero yo guhindura Goma ikaba umujyi usukuye, utoshye kandi urangwa n'ibidukikije bibungabunzwe neza. Muri uwo mugambi, hateguwe guterwa ibiti ibihumbi mirongo itanu mu ntambwe ya mbere kugira ngo hafashwe guhangana n'ihindagurika ry'ikirere.
Ubuyobozi bwa AFC/M23 buvuga kandi ko iterambere ridashingiye gusa ku mutekano, ahubwo ko rikwiye no kwubakira ku bikorwa bifasha imibereho myiza y'abanyagihugu n'isuku y'aho baba.
#RDC #Goma #M23 #Umuganda #Isuku #Ibidukikije

Comments
Post a Comment