๐Ÿ‡ฟ๐Ÿ‡ฒ⚖️ SENTARE YAHAYE UMURYANGO WA EDGAR LUNGU IJAMBO RYA NYUMA KU MVA YIWE

 ๐Ÿ‡ฟ๐Ÿ‡ฒ⚖️ SENTARE YAHAYE UMURYANGO WA EDGAR LUNGU IJAMBO RYA NYUMA KU MVA YIWE



๐Ÿ•Š️ Sentare yo muri Afrika y’Epfo yafashe ingingo ikomeye yemeza ko umuryango w’uwahoze ari Perezida wa Zambia, Edgar Lungu, ari wo ufise uburenganzira bwo gufata ingingo ya nyuma ku bijanye n’aho azohambwa n’ingene ivyo birori bizotegurwa.


⚖️ Iyo ngingo yakuyeho iyari yabanje guha Leta ya Zambia ububasha bwo gusubiza ikiziga ciwe i Lusaka kugira ahambwe mu birori vya Leta.


๐Ÿฅ kuva yitavye Imana ari muri South Africa aho yariko aravurirwa, habaye ukudahuza gukomeye hagati ya Leta ya Zambia n’umuryango wiwe ku kibazo c’aho yokwubakirwa imva n’uwukwiye gutunganya ivyo birori.


๐Ÿ‘จ‍⚖️ Ubu sentare yemeje ko ijambo rya nyuma riri mu maboko y’umuryango wiwe, ivyo bikaba vyerekana intsinzi yawo muri uru rubanza rwari rukurikiwe cane n’abanyagihugu.


๐Ÿ—ณ️ Iyi ngingo ije mu gihe Zambia yitegurira ibihe vya politike bihambaye, mu gihe amatora y’Umukuru w’Igihugu ategerejwe mu minsi iri imbere.


๐Ÿ“Œ Abasesenguzi bavuga ko urupfu rwa Edgar Lungu n’impaka zakurikiyeho bishobora kugira ico bihinduye ku muryango wa politike wo muri Zambia.


#Zambia ๐Ÿ‡ฟ๐Ÿ‡ฒ #EdgarLungu #Politics #Justice #Africa #MbcTimes #BreakingNews ๐Ÿ“ฐ๐Ÿ”ฅ

Comments

Popular posts from this blog

#Burundi_Amagara y'abantu

๐Ÿ“ข Zimbabwe: Sena yemeje ihindurwa ry’itegeko nshinga ryongereza manda ya Perezida

๐Ÿ‡บ๐Ÿ‡ธ⚔️ Trump ashaka ko inganda zikora imodoka zitangira no gukora ibisasu bya missile