🇸🇳⚖️ SÉNÉGAL: Inama Nshingamateka iri kwiga ihinyanyurwa ry’Ibwirizwa Shingiro

 🇸🇳⚖️ SÉNÉGAL: Inama Nshingamateka iri kwiga ihinyanyurwa ry’Ibwirizwa Shingiro



🗓️ Kuri uyu wa 24 Ruheshi 2026, abagize Inama Nshingamateka bo mu mugambwe uri ku butegetsi PASTEF hamwe n’abo mu yindi migambwe bahuriye hamwe kugira basuzume umugambi wo guhinyanyura Ibwirizwa Shingiro rya Sénégal. Uwo mugambi niwamara gutunganywa, uzoshikirizwa Abashingamateka bose mu nama itegekanijwe ku wa mbere w’indwi iza kugira bawemeze canke bawugireko ico bavuga.


🎯 Ihinyanyurwa ririko rirategurwa rifise intumbero yo gukomeza ubwigenge bw’inzego za Reta, no kuvugurura urwego rwubahiriza Ibwirizwa Shingiro. Mu migambi iri ku meza harimwo gushiraho Sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro igizwe n’abacamanza 9, isubirire urwego rwahahora rugizwe n’abanywanyi 7 gusa.


🏛️ Abashingamateka bamwe basaba ko bamwe muri abo bacamanza botorwa n’Inama Nshingamateka, abandi bagatorwa n’Umukuru w’Igihugu kugira habe ugusangira ububasha no gukomeza ukwikukira kw’iyo Sentare. Hariko kandi harigwa ko abo bacamanza bokora manda imwe y’imyaka 6 idasubirwamwo.


⚠️ Ariko rero, uwo mugambi ntubuze impaka. Hari abatavuga rumwe n’ingingo zoshobora guha ububasha bwinshi Umushikiranganji wa Mbere, cane cane mu bijanye no gutanga akazi mu nzego za Leta. Hari kandi impungenge ku kuntu hobaho itandukaniro hagati y’ubuyobozi bw’Igihugu n’ubw’umugambwe uri ku butegetsi.


📌 Twibutse ko uwo mugambi watangujwe n’Umukuru w’Igihugu mu mwaka wa 2024. Ubu ugeze mu rwego rw’Inama Nshingamateka, aho benshi basaba ko ibikorwa vyose vyokorwa mu muco no mu gukorera hamwe n’abanyagihugu.


#Sénégal 🇸🇳 #PASTEF #Politique #Constitution #Démocratie #Afrique #MBCTimes 📰⚖️

Comments

Popular posts from this blog

#Burundi_Amagara y'abantu

📢 Zimbabwe: Sena yemeje ihindurwa ry’itegeko nshinga ryongereza manda ya Perezida

🇺🇸⚔️ Trump ashaka ko inganda zikora imodoka zitangira no gukora ibisasu bya missile