๐จ๐จ๐ฉ RDC : Croix-Rouge yateye ivyatsi ubwicanyi bw'abakorerabushake babiri bishwe bari mu gikorwa c'ubutabazi i Walungu
๐จ๐จ๐ฉ RDC : Croix-Rouge yateye ivyatsi ubwicanyi bw'abakorerabushake babiri bishwe bari mu gikorwa c'ubutabazi i Walungu
๐ด Ishirahamwe ry'Umusalaba Utukura muri Repubulika Iharanira Demokarasi ya Congo ryiyamirije rikomeye iyicwa ry'abakorerabushake baryo babiri, bishwe ku wa 16 Ruheshi 2026 mu karere ka Walungu, intara ya Kivu y'Epfo, igihe bari mu gikorwa co gufasha abaturage kubona amazi meza yo kunywa.
๐️ Abishwe ni Byamungu Mugisho Kabuha na Mugisho Mparanya Romain, batewe n'abagabo bitwaje ibirwanisho bataramenyekana mu mudugudu wa Kakumba, ahitwa Musiru. Bari bambaye ikimenyetso c'Umusalaba Utukura, gisanzwe gisigura kutabogama no gutanga ubutabazi ku bantu bose.
๐ฌ Perezida w'Umusalaba Utukura muri RDC, yavuze ko uru rupfu rwibutsa ingorane zikomeye abakozi n'abakorerabushake b'imiryango itanga ubutabazi bahura na zo buri munsi mu buseruko bwa Congo, ahakomeje umutekano muke n'imirwano yitwaje ibirwanisho.
⚠️ Umusalaba Utukura wasavye ko amategeko mpuzamakungu arinda abasivile n'abatanga ubutabazi yubahirizwa, kuko ibitero nk'ibi bituma gufasha abakeneye ubutabazi birushiriza kugorana. No ku rwego mpuzamakungu, Umuryango w'Ubumwe bw'Uburayi wamaze kwamagana ubwo bwicanyi.
#RDC ๐จ๐ฉ #Walungu #SudKivu #CroixRouge #Humanitaire #MbcTimes #AfricaNews #BreakingNews #DroitHumanitaire ๐️๐จ๐

Comments
Post a Comment