🇨🇩🔴 RDC: CENCO iragabisha ku mugambi uwo ari wo wose wo guha Félix Tshisekedi ikiringo ca gatatu
🇨🇩🔴 RDC: CENCO iragabisha ku mugambi uwo ari wo wose wo guha Félix Tshisekedi ikiringo ca gatatu
⛪ Inama Nkuru y’Abepisikopi Gatolika ya Kongo, CENCO, yagabishije ku mugambi uwo ari wo wose wa politike woshobora gutuma Perezida Félix Tshisekedi aronka ikiringo ca gatatu c’ukurongora igihugu.
📜 Mu nama idasanzwe yabaye hagati ya 18 na 20 Ruheshi 2026, abo bepisikopi basubiyemwo ko bashigikiye iyubahirizwa ry’Ibwirizwa Shingiro ryo mu 2006, bavuga ko guhindura amategeko ajanye n’ibiringo vy’umukuru w’igihugu vyoshobora guhungabanya ituze n’amahoro y’igihugu.
🗣️ Mw’itangazo ryasomwe na Donatien Nshole, CENCO yahamagariye Perezida Tshisekedi kwubahiriza indahiro yarahiye imbere y’abanyagihugu no gukingira ubutungane bw’inzego za demokarasi.
⚖️ Iyi mvugo ije mu gihe habandanya impari zikomeye za politike ku bijanye n’itegeko riherutse kwemezwa rigenga amatora yo kwemeza canke guhakana ihindurwa ry’Ibwirizwa Shingiro. Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bavuga ko ryoshobora gukingura inzira yo guhindura ingingo zifatwa nk’izidahindurwa, harimwo n’izerekeye ibiringo vy’umukuru w’igihugu.
📢 Ku rundi ruhande, abashigikiye ubutegetsi bavuga ko iryo tegeko rigamije guha ijambo abanyagihugu kugira bagire ico bavuga ku bibazo vy’iterambere ry’igihugu.
🗳️ Ibwirizwa Shingiro rya RDC ritegekanya ko Perezida atorerwa imyaka 5 kandi ashobora gusubira gutorwa rimwe gusa. Félix Tshisekedi, ari ku butegetsi kuva mu 2019, ubu ariko ararangura ikiringo ciwe ca kabiri.
👀 Mu gihe amatora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe mu 2028, ikibazo c’ukumenya nimba Tshisekedi yoshaka ikindi kiringo kirabandanya guteza impari muri politike ya RDC.
#RDC 🇨🇩 #Tshisekedi #CENCO #Politike #Demokarasi #Amatora2028 #Kinshasa #MbcTimes 📰

Comments
Post a Comment