๐Ÿšจ KENYA: Umutekano wakajijwe i Nairobi mu kwibuka imyiyerekano ya Gen Z ๐Ÿ‡ฐ๐Ÿ‡ช

 ๐Ÿšจ KENYA: Umutekano wakajijwe i Nairobi mu kwibuka imyiyerekano ya Gen Z ๐Ÿ‡ฐ๐Ÿ‡ช



Abategetsi ba Kenya bashizeho umutekano ukomeye cane mu gisagara ca Nairobi kuri uyu wa Kane, bafunga amabarabara menshi mu ntumbero yo kubuza canke kugabanya imyiyerekano yo kwibuka imyaka ibiri iheze urwaruka rwa Gen Z rutanguje imyiyerekano ikomeye yamaganira ubuzima bugoye n'ivyiyumviro vya Leta vyo kwongera amakori. 


Mu kwezi kwa Ruheshi 2024, ibihumbi vy'Abanyakenya vyaraye mu mabarabara vyiyamiriza itegeko ry'imisoro mishasha. Iyo myiyerekano yarakomeye gushika bamwe mu myiyerekano binjira mu nyubakwa z'Inama Nshingamateka, bituma habaho uguhangana gukomeye n'abajejwe umutekano. Inyuma y'aho, Perezida William Ruto yahavuye akuraho uwo mugambi wo kwongera amakori. 


Kuva ico gihe, itariki ya 25 Ruheshi yahindutse umunsi ngarukamwaka wo kwibuka abo myiyerekano n'abahasize ubuzima no gusaba ubutungane, ubwisanzure bwo kwiyamiriza hamwe no gukemura ibibazo vy'ubukene n'ubuzima bugoye bikibangamiye urwaruka. 


⚠️ N'ubwo Leta ivuga ko yubahiriza uburenganzira bwo kwiyamiriza mu mahoro, abajejwe umutekano bagumye bari maso cane kubera ubwoba bw'uko iyo myiyerekano yoshobora kuvamwo imidurumbanyo canke ugusambura ibintu. 


#Kenya ๐Ÿ‡ฐ๐Ÿ‡ช #GenZ #Nairobi #Protests #Ruto #Africa #Politics #MbcTimeNews ๐Ÿ“ฐ๐Ÿ”ฅ

Comments

Popular posts from this blog

#Burundi_Amagara y'abantu

๐Ÿ“ข Zimbabwe: Sena yemeje ihindurwa ry’itegeko nshinga ryongereza manda ya Perezida

๐Ÿ‡บ๐Ÿ‡ธ⚔️ Trump ashaka ko inganda zikora imodoka zitangira no gukora ibisasu bya missile