๐ŸŽ‰ Janet Museveni yararokotse indwara ikomeye ๐Ÿ™๐Ÿพ

 ๐ŸŽ‰ Janet Museveni yararokotse indwara ikomeye ๐Ÿ™๐Ÿพ



Perezida wa Yoweri Museveni yatangaje ko umugore wiwe, Janet Museveni, mu mezi atatu aheze yafashwe n'indwara ikomeye cane yari hafi kumuhitana, ariko aza gukira abikesheje ubuhanga bw'abaganga n'ubuntu bw'Imana.


Mu butumwa yashize ku rubuga rwa X ku munsi Janet yahimbaza imyaka 78, Museveni yavuze ko ku wa 21 Ntwarante 2026 "shitani yagabye igitero ku buzima bwa Maama", ariko Imana ikoresha abaganga b'inzobere kugira bamukize.


Yamenyesheje ko ubu Janet ameze neza kandi ariko arakira. Yanashimiye uruhara rwiwe mu muryango no mu rugamba rwo kubohora Uganda.


Mu gusozera, Museveni yasavye Imana ko we n'umugore wiwe bobaho imyaka irenga 100, bakabona inzozi z'ukwunga ubumwe bwa Afurika y'Ubuseruko zishika.



#Uganda #YoweriMuseveni #JanetMuseveni #Amakuru #Afurika #EastAfrica #Inkuru #MbcTime

Comments

Popular posts from this blog

#Burundi_Amagara y'abantu

๐Ÿ“ข Zimbabwe: Sena yemeje ihindurwa ry’itegeko nshinga ryongereza manda ya Perezida

๐Ÿ‡บ๐Ÿ‡ธ⚔️ Trump ashaka ko inganda zikora imodoka zitangira no gukora ibisasu bya missile