๐๐ง๐ฎ Hari umugwi w'abakozi ba Reta ugiye kudugirizwa umushahara?
๐๐ง๐ฎ Hari umugwi w'abakozi ba Reta ugiye kudugirizwa umushahara?
Mu Nama Nshikiranganji yabaye ku wa 24 Ruheshi 2026 irongowe n'Umukuru w'Igihugu w'๐ง๐ฎ Evariste Ndayishimiye, harizwe integuro yashikirijwe n'Umushikiranganji w'Indero n'Ubushakashatsi Franรงois Havyarimana ijanye n'ukwongereza imishahara y'abakozi ba Reta, cane cane abakorera mu gisata c'indero.
๐ Iyo nteguro igamije kugabanya ikibazo c'ihunga ry'abakozi b'abahinga n'incabwenge baja gukorera mu mahanga kubera imishahara ifatwa nk'idahagije. Abigisha, abarimu ba za kaminuza hamwe n'abandi bahinga bamaze igihe berekeza mu bindi bihugu barondera akazi karimwo agashahara keza.
๐ฅ๐ Reta ivuga ko iki kibazo kidakora gusa ku gisata c'indero, ariko ko no mu gisata c'amagara y'abantu hari abaganga n'abandi bahinga baguma bahava baja gukorera hanze y'igihugu.
๐ฃ️ Mu nama y'Urwego Nshingwabikorwa rwa Reta yabaye ku wa 11 Ruheshi 2026 i Gitega, Umushikiranganji wa mbere Nestor Ntahontuye yari yavuze ko Reta iriko irarondera inyishu zo kugumana mu gihugu abakozi b'ubuhinga buhanitse, cane cane abaganga n'abarimu ba za kaminuza.
⚠️ N'ubwo ata ngingo ya nyuma iratangazwa ku rugero rw'ukwongerezwa kw'imishahara, iki cigwa cerekana ko ikibazo c'imishahara y'abakozi ba Reta kiriko kirafatanwa uburemere kandi ko hari intambwe ziriko zirategurwa.
#Burundi ๐ง๐ฎ #Indero ๐ #AbakoziBaReta #Amakuru #MBCTimes #Gitega #Ubutunzi #Akazi #Abarimu #RetaYBurundi

Comments
Post a Comment