🚍🇧🇮 Bujumbura: Ikibazo c’ukwiyunguruza mu rusangi kirabandanya kuremerera abanyagihugu

 🚍🇧🇮 Bujumbura: Ikibazo c’ukwiyunguruza mu rusangi kirabandanya kuremerera abanyagihugu



Ababa mu gisagara ca Bujumbura barabandanya guhura n’ingorane zikomeye zo kuronka amabisi n’izindi modoka zitwara abantu. Ku bituro bitandukanye, abantu bamara amasaha menshi barindiriye, bamwe bagacererwa ku kazi canke ku mashure, abandi bagahitamwo kugenda n’amaguru n'ubwo baba baja kure. 😔


⛽ Intandaro nyamukuru y’iki kibazo ni ubukene bw’igitoro bumaze imyaka irenga itanu bwugarije igihugu. Ivyo bituma imodoka nyinshi zitwara abantu zihagarara kubera kubura igitoro, bigatuma uburyo bwo kwiyunguruza bugabanuka cane.


☀️ Ku bituro vy’amabisi, abatama, abarwayi, abakenyezi hamwe n’abana bato ni bo bibasirwa cane, kuko bamara amasaha menshi ku zuba barindiriye ikibunguruza.


📉 Ingaruka z’iki kibazo ziribonekeza mu nzego zose z’ubuzima: abanyeshure bashika batevye ku mashure, abakozi bakakererwa ku kazi, ubudandaji n’ibindi bikorwa vy’ubutunzi na vyo bikadidira.


🗣️ Ishirahamwe PARCEM risaba Leta gufata ingingo zihuta zirimo kurondera uburyo bwo kwinjiza igitoro gikwiye no gusubiramwo politike y’ibiciro kugira ikibazo c’ukubura igitoro gitorerwe umuti urama.


#Burundi 🇧🇮 #Bujumbura #Transport #Amabisi #Igitoro #UbuzimaBwAbanyagihugu #PARCEM #ActualitéBurundi #SOSMédiasBurundi #NewsBurundi 🚍⛽📢

Comments

Popular posts from this blog

#Burundi_Amagara y'abantu

📢 Zimbabwe: Sena yemeje ihindurwa ry’itegeko nshinga ryongereza manda ya Perezida

🇺🇸⚔️ Trump ashaka ko inganda zikora imodoka zitangira no gukora ibisasu bya missile