๐ฐ Abarongozi b'Uburundi na RDC baganiriye ku mutekano wo mu burasirazuba bwa Congo
๐ฐ Abarongozi b'Uburundi na RDC baganiriye ku mutekano wo mu burasirazuba bwa Congo
Mu rugendo Perezida w'๐ง๐ฎ Uburundi yagiriye muri ๐จ๐ฉ RDC, yagiranye ibiganiro na mugenzi we wa Congo ku bibazo bihangayikishije akarere ka Afurika y'Ubuseruko n'Ibiyaga Bigari. Mu vyaganiriweko harimwo ikibazo c'umutekano muke mu burasirazuba bwa Congo hamwe n'ikiza ca Ebola gikomeje gutera amakenga.
Ariko rero, abasesanguzi benshi babona ko ikibazo c'intambara ibera mu burasirazuba bwa Congo ari co cashimikiweko cane muri ivyo biganiro. Ivyo bice birimwo n'ingabo z'Uburundi zikorera muri Congo mu rwego rw'ubufatanye bw'umutekano hagati y'ibihugu vyompi.
Abarongozi bompi baravuze kandi ku bijanye n'ugucura canke gukura ingabo z'amahanga ziri ku butaka bwa Congo, n'aho batasiguye neza izo ngabo izo ari zo. Ivyo vyatumye haba ibibazo vyinshi mu basesanguzi ba politike, bamwe bibaza nimba ayo majambo yoba asigura ihagarikwa ry'amasezerano ya gisirikare Congo ifitaniye n'ibihugu bimwe bimwe bifise ingabo muri ico gihugu.
Abandi basesanguzi bo bavuga ko iyo mvugo ishobora kuba yerekeza ku kibazo ca M23, kuko leta ya Congo ikunze kuvuga ko uwo muhari ufashwa n'u Rwanda. Bemeza ko iyo ngingo ishobora kuba itavuga ugusesa amasezerano y'ubufatanye bwa gisirikare, ahubwo ikaba yerekeza ku migwi yitwaje ibirwanisho Kinshasa ibona nk'iyifashwa n'amahanga.
Ku ruhande rw'Uburundi, nta jambo ryinshi ryatanzwe risigura neza ico kibazo. Bamwe babona ko Perezida w'Uburundi yitondeye cane mu mvugo yiwe kubera uruhara afise muri iki gihe rwo kuyobora urwego rw'Umuryango wa Afurika Yunze Ubumwe (AU), bisaba kwirinda amajambo ashobora guteza impari canke kubangamira ibiganiro vy'ubuhuza biri gukorwa mu karere.
#Burundi ๐ง๐ฎ #RDC ๐จ๐ฉ #M23 #Umutekano #Africa #Ebola #Politike #MBCTimes ๐ฐ

Comments
Post a Comment