๐ Abacamanza ba ICC bareze Trump kubera ibihano yabafatiye
๐ Abacamanza ba ICC bareze Trump kubera ibihano yabafatiye
Abacamanza batatu bo muri International Criminal Court (ICC) bareze Perezida wa Amerika Donald Trump n’ubutegetsi bwiwe, bavuga ko ibihano yabafatiye bidaciye mu mategeko kandi vyari bigamije kubahatira guhindura ingingo z’ubutungane.
Abo bacamanza ni:
Kimberly Prost
Solomy Balungi Bossa
Reine Alapini-Gansou
Bavuga ko ibihano vyafashwe kubera uruhara bagize mu manza zijanye n'itohoza ry’ivyaha vy’intambara muri Afghanistan hamwe n’impapuro zo guta muri yompi Umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu.
Mu rubanza rwashizwe imbere y’urukiko rwo muri New York, abo bacamanza bavuga ko ivyo bihano vyababuje gukoresha ibikorwa vya banki, ingendo zimwe zimwe n’izindi serivisi, kandi ko vyabangamiye ubwigenge bw’ubutungane mpuzamakungu.
Ku ruhande rwa Trump, ubutegetsi bwiwe bwahora buvuga ko ICC yakoze ibikorwa “bitari mu bubasha bwayo” mu gukurikirana Abanyamerika n’abategetsi ba Israel, ari co catumye hafatwa ibihano kuva mu 2025.
#ICC #Trump #USA #InternationalJustice #Netanyahu #WorldNews ๐⚖️๐บ๐ธ

Comments
Post a Comment